Pep Guardiola arakeza Mancester United Ibiherutse kuvugururwa: 9 ukwa gatanu, 2011 - 13:13 GMT Facebook Twitter Send to a friend Print page Umumenyereza wa Mancester United, Sir Alex

Publié le par uwumukiza

 

Pep Guardiola arakeza Mancester United

Ibiherutse kuvugururwa: 9 ukwa gatanu, 2011 - 13:13 GMT
Umumenyereza wa Mancester United, Sir Alex Ferguson

Umumenyereza wa Mancester United, Sir Alex Ferguson

Umumenyereza wa Barcelona, Pep Guardio, yise Manchester United "akataraboneka" mu gihe uwo murwi umenyerezwa na Sir Alex Ferguson wimirije gutwara igikombe inshuro ya 19.

Intsinzi ya Manchester kuri Cheasle y'ibitsindo 2-1 ku wa Mungu, yatumye isigaza inota rimwe gusa ngo itware igikombe c'uno mwaka, ikazoca isumvya Liverpoll yari iya mbere mu gutwara vyinshi.

Manchester yizeye kuronko iryo nota mu nkino zibiri isigaje zizoyihuza na Blackburn hamwe na Blackpool.

Guardiola, asanzwe umurwi wiwe Barcelona uzohura na Manchester mu rukino rwa nyuma rw'igikombe ca Buraya itariki 28 z'ukwa Gatanu, yavuze ati: "Bafise abakinyi beza, umugwi mwiza, abakinyi b'akataraboneka."

Manchester United yaronse itike yo kuja mw'urwo rukino rwa nyuma ruzoyihuza na Barecelona, mu gutsinda 6-1 mu nkino zombi umugwi wo mu Budage Schalke 04 mu ca kabiri c'ihiganwa, umukino wanyuma i Oldtrafford, Schalke ikaba yaratsinzwe 4-1.

Rio Ferdinand, Nemanja Vidic, Michael Carrick, Ryan Giggs, Park Ji-sung, Wayne Rooney na Javier Hernandez bose bahawe akaruhuko ariko ntivyabujije ko Manchester ivyifatamwo neza ata nkomanzi.

Publié dans lessons

Pour être informé des derniers articles, inscrivez vous :

Commenter cet article