Michael Essien yasuye guhamagazwa na Ghana Ibiherutse kuvugururwa: 17 ukwa gatanu, 2011 - 13:45 GMT Facebook Twitter Send to a friend Print page Michael Essien Michael Essien Umuki

Publié le par uwumukiza

Ibiherutse kuvugururwa: 17 ukwa gatanu, 2011 - 13:45 GMT
Michael Essien

Michael Essien

Umukinyi wo hagati wa Chelsea, Michael Essien, yasubiye guhamagazwa n'umugwi nserukiragihugu wa Ghana nyuma y'amezi 16 atawukinira.

Essien ari mu murwi w'umumenyereza Goran Stevanovic w'abakinyi 24 bazokina mu rukino rwo guhiganirwa ikibanza co mu gikombe ca Afrika ruzoba mu kwa gatandatu ruzohuza Ghana na Congo, akine kandi mu rukino rwa kivukanyi na Korea yo mu bumanuko.

Uwo mukinyi w'imyaka 28 yafashe akaruhuko karekare nyuma yo kugira imvune nyinshi.

Kevin Prince Boateng na Opoku Agyemang nabo nyene bahamagajwe mu gihe batashoboye gukina inkino zatanguye kubera imvune.

Boateng azokinira urukino rwiwe rwa mbere muri Ghana, mu gihe izindi nkino zose yari amaze gukina zabera hanze.

Essien yahagaritse gukinira Gahana nyuma y'aho avunikiye bimwe bikomeye, imvune ya mbere ikaba yamushikiye mu gikombe ca Afrika muri Angola mu 2010.

Publié dans lessons

Pour être informé des derniers articles, inscrivez vous :

Commenter cet article